Вы находитесь на странице: 1из 5

Kw’Isoko

ry’Ubuzima
mu muryango w’abakristu
Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 455 057
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr
Site: www.isokoryubuzima.es.tl
"N’ukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21) Igiciro 60 fr
Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ry’Imana mu misa no mu buzima
6/2/2011 IDOMINIKA YA GATANU – Umwaka- A N°6/2011
Abarwaye… naho batabivuga, baradukumbuye cane...
Ekleziya yatoye italiki 11 y’ukwezi kwa kabiri ngo itumirire abakristu bose kwibuka aho Bikira Mariya yabonekera
umweranda Bernardeta i Lourdes (mu bufransa). Turatumiriwe kandi kuzirikana ibanga ry’abakristu mu kuremesha
abarwaye. Iyo umuntu agiye i Lourdes ahasanga isinzi ry’abarwaye bakunda kugira urugendo ngo Bikira Mariya
ababere umuhoza mu ndwara zabo, mbere no gukira bakire Imana ibishatse. Ahari Bikira Mariya niho usanga umu-
tima w’urukundo rw’Imana. Abarwaye barirukira Umuvyeyi Bikira Mariya ngo abaremeshe. Ingwara ntitora, umu-
ntu wese arashobora gufatwa n’ingwara umwanya uwariwo wose. Ikindi twese tuzi neza, n’uko umunsi umwe tu-
zopfa. Imana irashobora gukora igitangaro ngo urwaye akire mu buryo buren-
geye ugutegera kw’abantu. No mu nkuru nziza turabibona. Ariko tumenye ko
indwara atari umuvumo canke igihano kubera ibicumuro. Aho bashiki ba La-
zaro baza kwa Yezu bakamubwira bati: Mukama, umwe ukunda ararwaye. Ya-
babwiye ati: iyi ndwara s’injanyi, ni uburyo bw’ukuninahaza Imana, izotuma
Umwana w’Imana aninahazwa“ (Yo. 11, 4). Turazi ingene Ekleziya yitwara-
ritse kwubaka amavuriro, ikongera igatanga isakramentu ry’isiga ry’abarwaye,
ngo abarwaye bategere ko bari kumwe n’Imana mu ndwara zabo. Mugabo
Ekleziya igizwe n’abakristu bose bemera Yezu. Mu gushinga uyu munsi ngo
abakristu bazirikane ibanga ryabo ku vyerekeye abarwaye, ni ukugira ngo
umukristu wese yibaze ingene aremesha abarwaye. Abarwaye ntibakeneye
imiti gusa, bakeneye n’incuti n’abagenzi babaremesha mu ndwara zabo. Mbere
n’abapatiri ntibashinzwe gusa gutanga isiga ry’abarwaye. Ndazi ingene aba-
kristu barwaye bashima kuramutswa n’abihebeyimana, n’abakristu b’umutima
bakababona nk’abarungitswe n’Imana ngo babaremeshe. Ndazi kandi ko aba-
rwaye bamwe n’aho ataco bovuga bagira umubabaro munini iyo incuti, abana
bavyaye canke abagenzi batakiza kubaraba. Kuri iyo foto murabona umunya-
frika agendera mu gakinga ; yari yagiye i Lourdes kandi yari afise akanyamuneza kenshi kuko yahasanze abakristu
bamwakiranye igishika. Ahari Imana na Bikira Mariya ubumwe burasayangana.
Bernardette Mweranda uwabonye Bikira Mariya
Bernardette ni wa mwigeme w’imyaka 14, atize amashule kandi ari mu bu-
kene bwinshi. Bikira Mariya yamutoye ngo amumenyeshe imigambi yiwe.
Abatangajwe n’igituma Bikira Mariya yamutoye kandi hari abandi bigeme
b’incabwenge baba i Lurde mur’ico gihe, Bernadeta yabishuye ati: n’uko
nari umukene cane kandi ntazi ubwenge nk’abandi; nico gituma Bikira
Mariya yantoye. Bernadette ntiyishira hejuru ngo n’uko yabonye Bikira
Mariya. Mu minsi cumi n’itanu, uko Bikira Mariya yabimusavye yama
agaruka aho vyahuriye ngo amuganirire ivyipfuzo vyiwe. Na vyo n’uko
abantu bosenga bakagaruka ku rukundo rw’Imana. Ico Bernardeta yakuye
mur’ivyo biganiro na Bikira Mariya, n’ukwitwarika nka Bikira Mariya
ineza y’abantu. Bernardeta yahavuye yihebera Imana, yitwararika abakene n’abarwaye. Na we nyene yari afise
amagara make, yarakunda kurwara, mbere yamaze igihe kire kire ata na kimwe ashobora gukora ndetse ugusenga
n’ugusabira abandi. Yapfuye afise imyaka 37 gusa. Abantu bamumenye nk’umweranda w’Imana. Umunsi umwe
ngo barashatse kumukura mu mva ngo bamushingure ahandi; basanze impuzu ziwe zikanye, ishapule yapfanye
irimwo ingese; ariko umubiri wiwe basanze umeze nkuuko wari ku munsi bamuhamvye. Naho haheze imyaka 123
apfuye, ababishaka barashobora kubona umubiri wiwe nkuko mubibona, mw’isengero rya Nevers aho yapfiriye.
IDOMINIKA YA 5 - UMWAKA A ba. Jewe nyene nashitse iwanyu mfise intege nke,
IGISOMWA CA MBERE - Izaya 58, 7-10 ndi n'ubwoba n'agashitsi kenshi, kandi imvugo
Niho umuco wawe uzotamanzura nk'umutwenzi yanje n'inyigisho yanje ntivyari bihagaze ku
Ivyo dusoma mu gitabo c’umuhanuzi Izaya majambo atomoye y'ubwenge, ariko ico vyereka-
Ng'iri iryavumerewe n'Umukama: “Sangira ivyo- na ni Mutima n'ubukomezi bwiwe, kugira ngo
kurya vyawe n'uwushonje, abagowe babuze aho ukwemera kwanyu ntiguhagarare ku bwenge
baba ubinjize mu nzu yawe, ni wabona uwuri bw'abantu, ariko gushimikire ku bukomezi
gusa umwambike, ntiwirengagize umuntu nkawe. bw'Imana.
Niho umuco wawe uzotamanzura nk'umutwenzi, INKURU NZIZA Matayo 5,13-16
igikomere cawe kigakira n'ingoga, ubutungane Ni mwebwe muco w'isi
bwawe bukakuja imbere na bwo ubuninahazwa bw' Ivyo dusoma mu njili nyeranda yanditse Matayo :
Umukama bugushorere. Niho uzohamagara, Umuka- Muri irya minsi, Yezu yaba-
ma akakwitaba, ukamuborogera, akakwitaba ati : “ riye abigishwa biwe ati : Ni
Ndi hano.” ni wakura iwawe umuzigo, uguturubika mwebwe munyu w'isi. None,
be n'amajambo y'amabisha, ni waha uwushonje ico umunyu utagisosa, icowusubiza
nawe wipfuza, ni wamara inyota ivyipfuzo vy'umu- ako kanovera cova hehe ? Ntaco
rushwa, umuco wawe uzoseruka mu mwijima, umu- uba ukimaze, usigaye ari uwo
korane wawe wakake nk'izuba ryo ku mutaga.” gushiburira hanze, abantu ba-
IGISOMWA CA KABIRI :1 Abakor 2,1-5 kikandagirira. Ni mwebwe mu-
Narabamenyesheje amabanga ya Yezu Kristu co w'isi. Ntawushobora guhisha
yabambwe ku musalaba igisagara cubatswe mw'itaba ry'umusozi. Kandi
Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya mbere Umutumwa ntawudomeka itara ngo aryubikeko umubehe ;
Paulo yandikiye Abakorenti Nanje mu kuza iwanyu, arishira nyabuna ahakirurutse, niho riheza rika-
benewacu, sinaje kubamenyesha ingingo y'Imana boneshereza abari mu nzu bose. Uko niko umu-
mu mvugo zihinguye no mu bwenge buhejeje. Nta co wanyu wokwibonekeza mu maso y'abantu,
kindi nashatse kumenya muri mwebwe, atari Yezu maze babonye ibikorwa vyanyu vyiza, bakani-
Kristu, kandi Yezu Kristu yabambwe ku musala- nahaza So wanyu ahangamye mw'ijuru. »

«Ni mwebwe munyu w’isi ; ni Kwari kandi ugukura umuzigo mu rugo rwawe; uku-
mwebwe muco w’isi ». Umuco rwana ku murushwa. Uwakora ivyo ni we yaheza aga-
wawe nutamanzure nk’umu- tamanzura nk’umuco, igikomere ciwe kigakira kidate-
twenzi. Muvukanyi dusangiye vye, ubutungane bwiwe bukibonekeza, bukamutanga
ukwemera, Ndagutumiye, uze imbere, agasagwa n’ubuninahazwa bw’Imana. Uwara-
dusangire iri jambo ry’Imana, ngura ivyo ni we yaba nk’umuco wiserura mu mwiji-
turisome turizirikane, twumve ma; icahora kiri umukorane muri we kigahinduka
ico Imana itubwira, duheze tu- umwakaka nk’izuba ryo ku mutaga. N’abigishwa ba
rabe ukuntu tworigendera rika- Yezu niko kw’uko, bo bumvise inyigisho ya Yezu,
tubera umuco, rikaduha intumbero y’ubuzima. Umu- bategerezwa kubera Yezu ivyabona, bakaba umuco uha
hanuzi Izaya yatumwe n’Imana kubwira abantu inge- intumbero ubuzima bw’abantu, bakaba nk’umunyu uha
ndo n’inyifato vyoheza bigatuma umuco wabo utama- akanovera ubuzima bw’isi. Ivyo bagira mu gukurikiza
nzura, bikababera n’urukiza. No mu Nkuru nziza nye- bwa buhirwe Yezu yabigisha, bagatsinda inzira zigoye
ne, Yezu atumiriye abigishwa biwe n’abamwemeye z’akarenganyo, z’imishamirano, z’akazikira, z’ukube-
bose kuba umuco n’umunyu w’isi. Ubwo butumire sheranira, z’uruhamo, bakaba abantu bitonda, bagenza
Yezu adutumiriye buje bukurikira inyigishobwirizwa runtu, bakurikiza ubutungane, bagira umutima w’ikigo-
Yezu yatangiye ku gasozi mu ntango y’ubutumwa bwi- ngwe, bafise umutima utagira agatosi, barwanira ama-
we bw’Icese. Umuhanuzi Izaya azirikana ibikenewe horo kandi bayaremesha, baba bemeje ko ubwami
kugira ngo amasabamana abe ay’ukuri. Hakenewe uru- bw’Imana buriko burakwira kw’Isi; kandi impera yabo
kundo rusabikanya, rwakira ingenzi, rwugururira uwu- ikaba yitezwe mw’ijuru. Ivyo ntibobigira ngo baronke
tagira aho aba, rugatuma ubuzima bwa nyene kurwere- ishimagizwa ryabo, canke ngo bishime; ico barondera
kana buba umuco umwijima utashobora kuzimya. Mu ni ukuba umuco n’umunyu. Ni umuco, bakaba umu-
Nkuru Nziza, Yezu atubwira ngo tube umunyu n’umu- nyu, ariko Atari ukugira ngo babonwe ngo bahakure
co w’isi. Mu gihe c’Umuhanuzi Izaya, igihugu c’Imana ininahazwa ryabo, ni ukugira ngo bibere akamaro
n’aho cari mu kaga iyo cangarijwe, cari gihamagariwe abandi, babere indongozi abandi, kugira ngo babere
kuguma gishingira intahe Imana mu kwama kigaragaza umuco abo baba-na bose n’abo bagendana, bakorana,
ukwemera Imana Yo nsa yashobora kukimurikira bahurira mu ma-hwaniro. Ivyo vyose bikaba birora ku
n’ukukirokora. Ibikorwa vyagaragaza ukwo kwemera, Mana yo ciza kirengeye vyose; kugira ngo ababonye
kwari ugusangira ivyokurya n’uwushonje, guha indaro ibikorwa vyabo vyiza baninahaze Imana ihangamye
abatagira aho ba-kika umusaya; uguterera agahuzu ku mw’ijuru. Twebwe twemeye Yezu-Kristu dutegerezwa
wutagira agasha-mbara, ukutirengagiza umuntu nkawe. kerekana mu buzima bwacu ico turushije abatemera
Yezu-Kristu. Nkako Yezu ni we Muco, ni We muco ugukura amajambo y’ububisha mu migenderanire
w’isi (Jn 8,12). None ko Yezu ari Umuco, uwamwe- y’abantu, ng’ivyo ibikorwa biha akanovera isi.
meye akabonesherezwa n’inyigisho yiwe, na we aba Mukunzi w’Imana twasangiye iri jambo, tutashitse
umuco uboneshereza abandi. Uwo muco abemeye ng’aho, ntaco tuzoba turushije abatari abaKristu. None
Yezu-kristu baronse uvuye kuri We, bowerekanira mu ni dusabe Imana iyo ngabirano y’ukuba umuco n’umu-
bikorwa vyiza biha akanovera ubuzima bw’aha kw’isi. nyu w’isi mu kugira umwitwarariko w’ukurondera igi-
Ubutungane, ukuri, urukundo, ukwigoreranira, ugufa- teza imbere abandi, ngo babe abantu bashitse, bumve
shanya, ng’ivyo ibikorwa vy’umuco kandi biranga ko bafise ubuhirwe naho boba bakiri kw’isi, barindiriye
umuco. Ukubohora uwabohewe ubusa, ugukura umuzi- ubuhirwe buzokwamaho kwa Mana Dawe wa twese.
go n’uguturubikwa mu rugo, mu mibano no ku mirimo;
Nari ngwaye muraza kundaba (Matayo 25, 36)
Ku musi wa gatanu, tuzohimbaza Bikira Mariya umugabekazi w’i Lurde nkuko vyama bi-
genda kw’igenekerezo rya 11 Ruhuhuma. N’umusi wahariwe abarwaye. Ku mukristu wese,
n’akaryo keza ko kwiyibutsa ingene yitwararika abakitswe n’amagara. Erega ngaha kw’isi
nti twama turoraniwe; hari igihe tuzazanirwa, ingorane zikatubana amananiza. Hari igihe
ingingo z’umubiri ziduhinduka, amagara akadukika, ingwara ikatwaka umwidegemvyo
n’ubushobozi bw’ugutunganya ubuzima bwacu no kwikenura. Ingwara irafise ico igabanya
ku buryo bwacu bwo kwiyumvamwo igihagararo runtu. Nico gituma muri bene ivyo bihe
umuntu akeneye uwumuremesha ku mutima, akumva ko akunzwe kandi akakirwa uko ari.
Mbere no ku mubiri hari abakenera ikibunganira mu bushobozi bwo kwivuza no kwikenura mu buryo
butandukanye. Erega umutima w’urukundo Yezu yatwigishije twowerekanira cane cane mu bikorwa vyo
kuremeshanya, gushigikirana no guta-barana mu bihe bigoye, tutibagiye kuremesha abarwaye. Yezu atumenyesha
ko impembo y’ico gikorwa, ari “kwi-njizwa mu batoni ba Data, mu Bwami bw’ijuru“. Mu mibano rukristu,
turakwiye kwitwararikana, tukaremeshanya mu mitwaro itandukanye, cane cane mu ngwara. Hariho abarwara
badafise shinge na rugero bakabura uburyo bwo kwivuza; hari ababura inguvu zo gushika kwa muganga; hari
abamara mu bitalo imisi n’iyindi kandi bari kure y’abiwabo, bakabura ico bafungura, ico bagura imiti n’amagranga
yo kuriha ngo bave mu bitalo. Birakwiye rero ko atawogwabira ngo arembe kuko yabuze uwomurengukako.
Dusabe Yezu umutima w’urukundo nk’uwiwe.
Dusabire abarwaye duciye kuri Bikira Mariya.
Mugabekazi w’abarwaye, Mariya Mawe, n’ube ku musego w’abagwaye bo kw’isi yose: abariko
baracikana, batakimenya ubwenge; abariko barasamba ngo bacikane, abatacizeye gukira, abari mu
marira y’ububabare, abadashobora kwivuza kubera ubukene. Mariya Mawe, guma impande y’abo
bifuza gutambuka ariko batakibishobora, abotegerejwe kuguma baryamye ariko bihata ngo
barondere icobabeshaho kuko ata kundi bogira; abaguma bagaragurikira ku gitanda kuko babuze
uruhande boryamirako ngo baruhuke; abamara amajoro n’ayandi badashobora gutora agatiro.
Mariya Mawe, remesha abaremerewe n’imyitwarariko y’akaga imiryango yabo irimwo;
abategerezwa guheba imigambi yabo yabaye impfagusa; abihebuye, babona ko ataco
bakibereyeho; abagararije n’abatuka Imana; abatazi ko Yezu yababaye nkabo no kubwabo. Amen
Imibano rukristu mu Buyenzi
Muri Paruwasi yitiriwe Ogustino mweranda yo Mu Buyenzi, dufise
imibano ibiri y’abavuga ikirundi. Umubano wambere witiriwe umwe-
randa Yozefu, uva kw’ibarabara ryambere gushika ku rya cumi na ka-
ne. Umubano wa kabiri witiriwe umweranda Yohani Batista, uhera
ku rya cumi na gatanu gushika ku rya mirongo ibiri na gatanu, hege-
ranye n’aho bita “quartier Asiatique” na “quartier industriel”. Urwe-
go nyobozi rw’umubano wose rugizwe n’abantu bane: indongozi, ice-
gera, umwanditsi, n’umushinguzi. Kw’ibarabara ryose ryo mu muba-
no, haratorwa abantu babiri bariserukira. Barafise ikaye bandikamwo
abakristu bo mu mubano bose. Uwushikiwe n’ingorane canke afise
ikimuzazaniye yitura kur’abo babiri, nabo bagaca babimenyesha aba-
rongozi b’umubano; abo nabo baca biga ivyo bibazo, bakagerageza kubitorera inyishu. Amanama y’umubano
akorerwa mu migwi. Turaraba abitavye, uwasivye nawe tukamenya igituma yasivye. Duca dutanga n’agatererano
kazofasha uwugize ingorane canke ibibazo dushobora gutorera inyishu twisunze uburyo dufise. Ibibazo biturenge-
ye navyo duca tubirungika mu rwego rwa Caritas kuri paruwasi. Umukuru w’umubano witiriwe umweranda
Yohani Batista muri Paruwasi Buyenzi, Nimenya Bernard
Usabire bagenzawe bitiranwa n’abo beranda
Umusi Aberanda dusaba Injili y’uno musi
Kuw’Imana 6/2 Amando Matayo 5,13-16 Ni mwebwe munyu w’isi
Kuwa 1, 7/2 Romuald Mariko 6,53-56 Abaramuka bamukozeko bose barakira
Kuwa 2, 8/2 Josephine Bakhita Mariko 7, 1-13 Ibwirizwa ry’Imana muriguza iragi muhanahana
Kuwa 3, 9/2 Primo na Donato Mariko 7,14-23 Ikiva mu muntu nico kimuhumanya
Kuwa 4, 10/2 Skolastika Mariko 7,24-30 Genda, stetani yakuviriye mu mwana
Kuwa 5, 11/2 Mariya, Umugabek w’i Lurde Mariko 7,31-37 Nya matwi arazibuka, ururimi ruragoboroka
Kuwa 6, 22/2 Saturnino Mariko 8,1-10 Ndabarungitse ataco bariye bogwa mu nzira
Umusomyi aratwandikira ati: Nitwa Eliya. Ndabaramukije amahoro y’Umuvyeyi wa Twese, Imana
imwe rudende ; munkundire ndabashimire ku vyiza ikinyamakuru kimaze kumpa kuva aho
ntanguriye kugisoma, haciye amezi 5. Ivyo maze gusoromommwo si novyandika ngo
ndabimarem ni vyinshi cane rwose; Umukama n’abamizeko inyonga ziwe, abahezagire ibihe
vy’ukubaho kwanyu kwose ngaha kw’isi. Murakoze, mugire umusi w’Imana mwiza.
Eliya, Muvukanyi muri Kristu ukaba n’umusomyi wo « kw’isoko ry’ubuzima », turagushimi-
ye cane , turabona ko ukunda iki kinyamakuru cacu. Urakoze kudutera akamo. Imana igu-
hezagire ku kajambo uturungikiye ko kuturemesha. Erega nti karemesheje twebwe gusa, kararemesheje n’aba-
ndi banywanyi bacu. Watubariye ko ikinyamakuru cacu cagukoreye ivyiza vyinshi. Ariko wabifatiye mu rwinshi,
mu kivunga. Ni wasubira kuronka akanya, uzosubire utwandikire, udome urutoke ku vyiza canke kimwe mu
vyiza ikinyamakuru cakuzaniye, uzobivuge neza ubitomoye kugirango bifashe benshi. Eka mwe-se banywanyi
bacu aho muri hose, murashobora kudushikiriza ivyiyumviro vyanyu canke mugashingira intahe Umukama ku
vyiza yabagiriye iciye kuvyo mwasomye ku kinyamakuru kacu. Murakoze cane, Imana ibahezagire
Uko ndabibona: turakwiye gusoneranira mu kuramukanya.
Muri iki gihe turimwo ibikwegera abantu mu mpengamiro mbi biriho kandi twebwe aba-
kristu tubwirizwa kuvyitondera cane. Kuramukanya ukagwana mu nda n’uwo mwaheru-
kana kera n’ibisanzwe. Kwereka umuntu ko umu-fitiye igishika kandi umukumbuye ni
vyiza. ariko hari igihe usanga bamwe bamwe bagira inyifato itabereye: ugasanga bageze
ku rugero rw’ikigumbagumba kirenze urupimo, kivanze n’ubwirekure. Nk’akarorero, ura-
vye inyifato y’ugusomana isigaye yibonekeza, urabona ko umuco w’urupfasoni uriko ura-
tituka; haba mu rwaruka, mu bakuze, mbere no mu bubatse. Mbere har’aho usanga abafa-
tanye bakagumbirana umwanya munini, bakabigira ku mu-garagaro batanatinya abare-
ngana, ngo n’ukuramukanya. Erega shetani irashobora kubafatira ngaho, ab’amagara ma-
ke bagatsitara. Umukristu rero mu kuramukanya yobanza kuraba uwo bagire baramukanye, akamusonera mu ku-
muramutsa rupfasoni, abakuze tugatanga akarorero keza mu rwaruka, urwaruka rugasoneranira, abakuze n’urwa-
ruka bagasoneranira. Imigenderanire ikwiye kurangwa n’urukundo rw’ukuri. Ese umuryango mweranda wotubera
akarorero cane cane twebwe abavyeyi mu kwengengana mu bitugora vyose. Karoli Manirambona Paroisse St Michel
Mana ya ba Sokuru, n’udukaburire ukwemera, kuko arikwo dukesha ubuzima n’urukiza.
Ukwizigira dufise gutuma twitegana igishika ikigongwe cawe n’urukiza rw’imutima yacu, ngo
dukure mu rukundo rudutyorora, rukatwugururira imitima yo kugukunda no gukunda bene-
wacu, no kubasonera. Mukama Yezu Kristu, nagura Ekleziya uyishoboze kumurikira urwaru-
ka, rukurikire inzira y’ukuri, y’ubutore, y’ubweranda no kwitanga. Murikira abavyeyi n’aba-
rezi ngo babashe kuba ba nderagakura. Mutima Mweranda Umuhoza, wewe utuyobora uka-
tuburanira, subiza itoto Ekleziya, uyironse umwete n’igishika c’ubutumwa bwo kumenyesha Imana. Ishaka
dufise ryo kugaya akabi kacu no gusubiza ibintu mu buryo, ni bisesekarize muri twebwe inema nyinshi,
ukwemera kwacu gushinge imizi. Mu Butatu Bweranda, twituye kuri Bikira Mariya ngo adukingire.
Twishize mu minwe yiwe twese, turi kumwe n’abana bacu n’imiryango yacu, hamwe na Ekleziya yose.
DUCISHEMWO DUTWENGE: Hari umugabo yama ashwana n’umugore wiwe ngo
abagore bavuga amajambo menshi, aruhisha abagabo babo. Umugore nawe akanka
kuvyemera. Umunsi umwe wa mugabo agenda kwereka umugore wiwe ico yasomye mu
kinyamakuru ati: Ntubona ko ivyo nama ndaguhanura ari vyo? Ehe raba ng’aha
banditse ko ku munsi umugabo umwe avuga amajambo 2.000. Ngo umugore nawe
akavuga amajambo arenga 4.000 ku munsi. Emwe harageze ko mugabanya amajambo,
niho tworonka amahoro. Umugore aca amwishura ati: Erega iyo mwebwe abagabo
muganira n’abagore, bumva ningoga ivyo mubababarira. Ariko iyo twebwe abakenyezi turiko tubiganira ibintu,
twama turuha mu kubasubiriramwo kabiri canke gatatu ngo mutegere ico tubabwira. Umugabo aca avuga ati:
None wavuze ngw’iki? Umugore ati: Ntiwumva ko n’ubu ntegerezwa gusubiramwo ngo utegere ico nakubariye

Вам также может понравиться