Вы находитесь на странице: 1из 5

Kw’Isoko

ry’Ubuzima
mu muryango w’abakristu
Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 455 057
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr
Site: www.isokoryubuzima.es.tl
"N’ukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21) Igiciro 40 fr
Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ry’Imana mu misa no mu buzima
31/10/2010 Idominika ya mirongo itatu na rimwe - umwaka- C - N°44/2010
Akaranga k’aberanda n’ukwizera Imana…
Ejo ku munsi wa mbere, n‘umunsi mukuru w’aberanda bose. Egome aberanda bari mw’ijuru… no kw’isi. Ariko
abo tuzoshemeza n’abamaze urugendo rwo kw’isi bakaba bari mw’ijuru. Turashobora kwibaza tuti: None babaye
beranda bate? Hari abagira ngo ubweranda buva kuri kamere barazwe n’umuryango baturukamwo. Hari n’abandi
bavuga ngo aberanda n‘abasenga cane kuruta abandi. Abandi nabo bakagira bati aberanda n‘abitanga cane ngo ba-
fashe abagowe. Ariko mur‘izo nyishu zose hari ikibuze. Kahini na Abeli bar‘abavukana basangiye umuryango ari-
ko umwe yarishe uwundi. Hariho n’abasenga cane nk’abapfarizayo: igisabisho cabo nti cama ivyamwa. Hakaba
n’abitanga ngo bafashe abagowe kugirango baronke akazina, nka kurya abapfarizayo bakora vyose ngo bishire aha-
bona, ngo bavugwe neza. Ndavye aberanda nka Fransisko wa Azisi, canke Tereza wa Avila, cabure abamartiri b’i
Buganda, Anwarita, Izidori Bakanja n’abandi, nsanga akaranga bahurirako bose ari ukwizera Imana kuruta vyose.
Muri bo nta n’umwe yirata ngo ni mweranda kubera ukwitanga kwiwe. Nka Bikira Mariya, bose barashobora ku-
ririmba bati: Yibutse umuntu wiwe muto muto, kuv’ubu abantu bose banyita muhi-
rwe… Rugira vyose yangiriye ibitangaza. Ndetse Bikira Mariya, nta muntu ari mwe-
randa hano kw’isi. Ubweranda bwacu buranigwa n’ibicumuro vyacu. Ariko Imana ni
nyen’imbabazi, irashobora kudukiza ibicumuro vyacu mw’isakramentu ry’ikigongwe.
Abirata ngo nta kigongwe c’Imana bakeneye ngo babe beranda, bifata uko batari.
Ubwishime burababuza kubona ko ata bweranda bushoboka ku muntu yikuye ku Mana.
Kira noneho Imana yaje gukiza abarwaye ku mutima. Nk’akarorero: Visenti wa Paolo
Mweranda yaritanze ngo afashe ba ntahonikora n’umutima wiwe wose. Igihe kimwe,
abavyeyi biwe babanje gushora inka zibiri kugirango bashobore kumurihira amashule
makuru. Visenti akiri umusore, yarigeze kugira inyifato itabereye imbere ya se wiwe;
mu nyuma vyaramuteye isoni. Umunsi umwe se wa Visenti yagiye kumuraba aho yiga.
Visenti yitegereje impuzu se wiwe yari yambaye (impuzu z’abantu babayabaye), aca
aragira isoni zo kuja kumuramutsa, aca arahindukira amuha umugongo ahunga ko bavugana ngo bagenziwe ntiba-
menye ko se wiwe ari umukene (raba igicapo). Mu nyuma, yaramaramazwa n’iyo nyifato yagize; vyaramubabaje
cane bimubera icigwa. Yaciye afata ingingo yo kudafatanya agaciro k’umuntu n‘impuzu yambaye. Ubwishime yari
afise akiri umusore yabukijijwe n‘inema y’Imana, hamwe n’ukwihweza ingene Yezu yifata ruto.

Twese duhamagariwe kubungabunga ubumwe!


Ubumwe ni nk’igiterwa. Ukeneye ko kimera neza uragitabira, urakivomera, uraki-
bagara, uragipompa umuti ngo ibikoko n’indwara ntibicice. Egome dusa n’abavu-
ye mu ndwano. Ubu twovuga ko turi mu gahengwe ugereranije no mu misi iheze,
hariho akarusho mu bijanye n’umutekano. Ariko ibishobora gutembagaza ubu-
mwe n’ubu biracariho, kandi biribonekeza muri twebwe. Hari abagifise umugera
w’amacakubiri, w’indwano, wo guhohotera abandi. Hariho abagifise imvugo zo guteranya. Hariho abagifise umuti-
ma wo gukabura ingwano no kuyigwana. Umugera w’ayo mabi yose wibonekeza mu buryo butandukanye, no mu
bibanza bitandukanye. Mu mashule amwe amwe, bamwe bararonka ibibanza n’ingoga; abandi nabo bikabagora
badatanze igiturire. Iyo ugiye gusaba ijambo ku mukuru uricara ku ntebe ukarorera, abaje mu nyuma zawe bakaza
baraguca imbere kandi bakakirwa ningoga. Ubumwe burangwa harya umuntu wese aronka iteka akubahwa, akuba-
hirizwa nkuko Yezu yabitwigishije. Twese tugendeye ubumwe nta ndwano yosubira kuba. Ukugendera ubumwe
twobishobozwa no gusaba Imana ngo idufashe ntidutsindwe na Shetani y’inzigo, y’urwanko, y’ishari, y’amacaku-
biri, y’ububisha ubwaribwo bwose. Ntitwishinge gucira imanza abandi ngo nibo babi; umwe wese ni yisuzume,
arabe inyifato itabereye yohindura; yime amatwi abagenzwa n’ishari, urunwarunwa, ugukumira abandi...
Twumvirize iryo Imana ituyagira ma wacu Yezu Kristu n'ikoraniro ryacu hamwe na
IDOMINIKA YA 31 YO MU MWAKA we ntimushoke muhagarikwa umutima canke ngo
IGISOMWA CA MBERE: Ubwit. 11,22-12,2 muterwe ubwoba n'ijambo bitirira Mutima canke
Imana irakunda ibiremwa vyayo vyose n'ikete batwitirira ryemeza ko umunsi w'Umukama
uri mu gushika.
Ivyo dusoma mu gitabu c'Ubwitonzi
Mukama, isi yose imeze imbere yawe nk'agatete INKURU NZIZA: Luka: 19, 1-10
k'umusenyi gahengeka umunzane, nk'ima ry'urume Uguhinduka, kwa Zake umukuru w'abatozakori
ruzindukira gutonyangira hasi. Mukama, ufitiye Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse
imbabazi abantu, kuko ushobora vyose; nturaba Umunsi umwe, Yezu yinjiye i Yeriko, aca mu gisa-
ibicumuro vyabo, kugira ngo bigarure. Nkako nye- gara hagati. Hakaba hari umuntu yitwa Zake; yari
ne, ufitiye urukundo rw'igishika ibiremwa vyose, umukuru w'abatozakori kandi yari atunze. Yama
nta na kimwe mu vyo wagize kigutera ishishi; ico yipfuza kubona Yezu uwari we, ariko ntiyabishobo-
wanka ntiwari kukirema. Ikidashatswe nawe cosho- ra kubera ishengero ryari ryinshi cane, na we aka-
bora kuramba gute? Ikidahamagawe nawe cosho- ba mugufi. Arirukanga, aja imbere, yurira igiti, ku-
bora kurama gute? Igituma ugirira imbabazi ibire- gira ngo ashobore kumubona, kuko ariyo nzira ya-
mwa vyose, n'uko ari rwawe, n'uko uri Rugaba jana. Yezu, ahashitse ararangamira, aramubarira
ukunda ubuzima, impemu zawe zikabeshaho vyose. ati: « Zake, ururuka n'ingoga,
Abaguye, uritonda mu kubahanura, urabakebura, kuko uyu munsi ndamutse ndara
ukabereka igicumuro cabo, kugira ngo bikure mu iwawe. » Na we aca arururuka,
kabi, babonereho kukwemera, Mukama. amwakirana akanyamuneza.
IGISOMWA CA KABIRI: 2 Tesalonika 1, 11-2, 2 Abariho ngo babibone, baja mu
Twitege Umukama mu mahoro atagira imvange vyo kwidodomba bose, bati:
«Ehe, agiye kurarira umuntu
Ivyo dusoma mw'ibaruwa rya kabiri Umutumwa Paulo
w'umunyabicumuro. » Zake rero
yandikiye Abanyatesalonika:
arahagarara, abwira Umukama
Ncuti zanje: Twama tubasabira ngo Imana yacu
ati: Mukama, ng'ivyo ivyanje ngiye kubicamwo
isange mukwiranye n'ibanga yabahamagariye; ku-
kubiri, igice kimwe ngihe abarushwa; ni haba hari
bera ububasha bwayo, n'ibafashe kurangura bimwe
uwo nanyanganije, ndamusubize ibiruta kane ivyo
bishemeye ivyiza vyose mushaka gukora, n'ireme-
namutwaye. » Niho rero Yezu yavuga ati: « Uyu
she ukwemera kwanyu, kugira ngo izina ry'Umuka-
munsi, urukiza rwashitse muri iyi nzu, kuko n'uyu
ma wacu Yezu rininahazwe muri mwebwe, namwe
abaye umwana wa Ibrahimu. Nakare, Umwana
mushimagizwe muri we: ico nico Imana yacu n'U-
w'umuntu yaje kurondera n'ugukiza ivyari
mukama Yezu Kristu babateguriye. Benewacu, du-
vyazimiye. »
shaka kubahanura ku vyerekeye umuzo w'Umuka-
« Abaguye uritonda mu kubahanura, Yezu vy'ukuri, ni nako karanze babigishwa b'i
urabakebura ukabereka igicumuro Emmaus. Ibuka musomyi ko Yezu aho yaca i Yeriko,
cabo, kugira ngo bikure mu kabi, ba- yari kuri rwa rugendo ruzomushikana i Yeruzalemu.
bonereho kukwemera, Mukama » Hari haciye umunsi umwe canke ibiri abwiye abatu-
Nta kindi cemezo twokwirirwa tura- mwa biwe cumi na babiri ati: « Ubu murabona ko tudu-
rondera kigaragaza aya majambo ze i Yeruzalemu, none rero ivyanditswe n'abahanuzi
twumvise mu gitabu c'Ubwitonzi co- vyerekeye Umwana w'umuntu bigiye kuranguka »
za gisumba uguhinduka k'uyu muku- (Lk 18,31). Urwo ruzorangukira ku musalaba. Zake
ru w'abatozakori yitwa Zake! Yeriko arabaye icamwa cambere kibura icamwa c'ubuzima ki-
kiri mu bisagara vya mbere vyatanguye kuboneka kuva zokwamurwa ku musalaba wa Yezu. « Zake ururuka
isi ibayeho. Igisagara rero ni nk'umuntu, uko gikura ningoga kuko uyu munsi ndamutse ndara iwawe ».
niko gikuza ingeso! Ngo nticari coroshe mu ngeso mbi Yezu yabaye nkuwitumira kurya umuntu yitumira ku
no mu bugizi bwa nabi, muribuka n'ingene yagiciyeko mugenzi wa kera cane! Yezu aramwihutishije ngo yu-
umugani afatiye kuri wa munyasamariya w'ikigongwe ruruke ningoga, nawe umengo amukamiye mu coze,
(Lk10, 30). Urukundo Imana ikunda abayo nirwo rwa- umwete yakoresheje mu kurira ngo arabe Yezu niwo
tumye Yezu aca i Yeriko kugira ngo wa muntu wa kera akoresheje mu kumanuka kumwakira! Nkuko umwa-
yiyubure abe mushasha. « Arirukanga aja imbere yuri- nditsi w'igitabu c'Ubwitonzi yabivuze. « Abaguye uri-
ra igiti, kugira ngo ashobore kumubona kuko ari yonzi- tonda mu kubahanura, ukabereka igicumuro cabo ku-
ra ya jana » Kenshi abantu turihenda tukibaza ko ari gira ngo bikure mu kabi babonereho kukwemera,
twebwe turondera Imana naho ahubwo niyo iturondera Mukama ». « Zake arahagarara abwira Umukama
ubwambere. Yezu ati « ntawushobora kunyegera Data ati: Mukama ng'ivyo ivyanje, ngiye kubicamwo kubi-
yantumye atamukwegakweze » (Yo. 6,44). Iyo Yezu ri, igice kimwe ngihe abarushwa; ni haba hari uwo
adaca munsi y'ico giti Zake yari yuriyeko hanyuma ngo nanyanganije ndamusubize ibiruta kane ivyo namu-
arangamire ntiyari kubohoka ngo agire akanyamuneza twaye ». Ng'uko rero ukururuka nyakururuka, umuntu
karaha! Akanyamuneza ni ikimenyetso c'uwahuye na agahagarara agashira ibirenge hasi! Erega ntiyari
bwaronke akanya ko guhagarara ngo arimbure ibija- hariho n'abakristu bibagiye izina ryabo bakora ibiko-
nye n'ubuzima bwiwe, ngo yisuganye.Yahora azinduka rwa biruhisha nkukubaka ku mashantiye ngo n'uko
yiruka, akagorobeza yiruka, akarara ariruka asiganwa bahembwa umushahara wo ku munsi incuro kabiri iyo
n'imari ukwo isa kwose n'iyo iva hose nkuko bibera bemeye bagakora ku munsi w'Imana! Mbega aho uda-
vyo abatozakori! Mbega weho naho utari umutozakori , hagarara na gatoyi ngo Yezu akurabe nawe umurabe,
uronka ifaranga mu buryo butunganye? Erega mu buzi- akuyagire nawe umuyagire, ni nde uwaguhenze ko
ma bukristu ni ugucishamwo ugahagarara ukazirikana uzoba umunyezamu w'isi? « Mwame mugavye, mwiri-
neza iyo uva n'iyo uja! Ngirango rya jambo rikomeye nde ubunibuni iyo buva bukagera, kuko ubuzima
Yezu yavuga ntiwaryumvise neza kuko hari mw'ishe- bw'umuntu ntibuva kw'itunga afise »(Lk12,15). Mu
ngero! Reka ndarigusubiriremwo: « Mwame mugavye, gusozera, nkundira sangire igisabisho na Paulo mwe-
mwirinde ubunibuni iyo buva bukagera, kuko ubuzima randa asabira mu gisomwa ca kabiri Abanyatesaronika:
bw'umuntu ntibuva kw'itunga afise » (Lk.12,15). Hari « Twama tubasabira ngo Imana yacu isange mukwira-
abirogoje Umunsi w'Imana mu gukora bataruha basiga- nye n'ibanga yabahamagariye, kubera ububasha bwayo
nwa n'ifaranga kandi ari abakristu, kandi benshi baka- ni ibafashe kurangura bimwe bishemeye ivyiza vyose
bigirira ingeso atari uko babuze ico barara bariye! Zake mushaka gukora, ni iremeshe ukwemera kwanyu, kugi-
yahuye na Yezu kuko yemeye kuhagarika akazi uyo ra izina ry'Umukama wacu Yezu rininahazwe muri
munsi, amaronko y'uwo munsi akayaheba! Ubu hoho mwebwe, namwe mushimagizwe muri we ». Amen

Inyuma y’urupfu har’ubuzima bushasha


Ekleziya Mawe wacu, yama ikora uko ishoboye ngo twese twinjire mu
bwami bw’ijuru. Imeze nk’umuburanyi imbere y’Imana, mu guhereza ibi-
sabisho vyo gusabira ikigongwe abana bayo bamaze kurenguka. Ugusabi-
ra imitima y’abapfuye vyashinzwe na Ekleziya mu kinjana ca 15, kuko ye-
meza ko uwupfuye abanza guca mw’iyishuriro iyo hari ivyo yapfuye ada-
tunganije. Ugusabira abapfuye, n’abayahudi barabikora Yezu ataraza.
Turabibona igihe Yuda Maccabe yatanga ishikanwa i Yeruzalemu, kugira
ngo abasoda biwe baguye ku rugamba barekurirwe ibicumuro bapfanye
( 2 Maccabe 12, 38-45). Uko ukwezi kwa 11 gutashe, cane cane kw’italiki
zibiri, Ekleziya iradutumirira ku buryo budasanzwe ngo twibuke abacu Imana yarengukije. Ekleziya iraberekezako
igisabisho, ikatwibutsa kubasabira. Iradufasha kwibuka ko dukikijwe n’isinzi ry’abavukanyi tutabona ariko badute-
ra akamo mu gacerere bati: “ Ni mudusabire ”. Ekleziya yabahariye ukwezi kwa 11 kwose, cane cane kw’italiki
zibiri; igasaba abakristu kuwuhimbaza bivuy’inyuma, bakaja mu misa aho Yezu yama asubira kutwitangira nk’i
Golgota. Hamwe na Ekleziya no muriyo, duhanga amaso “Kristu” afise amajambo y’ubuzima budahera. Mu kwe-
zi kwa 11, Ekleziya iradutumiririra kandi kugenda ku ntatemwa z’abacu bapfuye ngo tubibuke, tubahereze Imana.
Tubahereze Imana tubavuga n’amazina. Ukunywana n’abacu bapfuye gukomerera mu Mana. Ibisabisho duhereza
kubwabo birabanezereza, kandi biragira ico biterereye kw’ibohoka ryabo. Erega uwacu apfuye, tumugumanira
ideni ry’urukundo ridutuma kwama tumusabira; ibisabisho vyacu navyo, nta na rimwe bipfa ubusa. Ivyo bahereza
Imana kubwacu navyo biradufasha cane cane kwakira no kwitegurira urupfu rwacu, kwemera ko tuzoshika mw’i-
juru... Ni twisunge ibisabisho vyabo, tubasabe badusabire, kugira ngo badufashe kugira intumbero y’ubweranda: na
kare ntitwobushikira Imana itadufashije. Kubw’intsinzi ya Yezu Kristu no kubw’izuka ryiwe, turemera ko tuzosu-
bira kubonana n’abacu. Ivyo twifuriza abacu bapfuye natwe biraturaba, kuko “ruriye abandi rutatwibagiye”. Nti
tukivuga ngo “agapfuye kabazwa ivu”; tuvuga tuti “urupfu n’intango y’ubundi buzima“. Kristu yarizuye mu
bapfuye, yatweretse natwe ko tuzozuka. Twisunge Tereziya Mweranda w’Umwana Yezu; mu gihe yagira yitabe
Imana, yavuze ati: “Si mpfuye, ah’ubwo ninjiye mu buzima”.
Ewe Yezu warakoze ko ntamuzimanganirije ubuzima akiri mu mbanyi !
Hari ku musi mukuru wo kwatira abasaserdoti hariya i Roma mu Butaliyano. Ibirori bi-
heze, hari umupfasoni yategereye umwe mu basaserdoti b’inararibonye bari ngaho, amu-
saba umubonano mur’ako kanya nyene, ngo amuyagire ikiri ku mutima. Ng’ibi ivyo ya-
mwiganiye: “Haraheze imyaka 25 habaye ivyo ngira mvuge. Nari nibungenze ariko nku-
mva uwo mwana ntamushaka na gatoya; nca ngira umugambi wo gukorora iyo nda.
Naciye ntangura gutegura uburyo nzobirangura. Umusi umwe naragiye mu misa ntara-
shobora gushira mu ngiro uwo mugambi wanje. Mu nsiguro y’ijambo ry’Imana ry’uwo
musi, Patiri yarasiguye ko kizira kikaziririzwa gukorora inda, ko ata wuzi intumbero
Imana ishaka guha ubuzima bw’umwana ari mu mbanyi, ko ata n’umwe afise uburenganzira bwo kuzimanganya
ubuzima bw’umuntu, nabwo bukaba butangura kuva agisamwa. Maze kwumva iyo nsiguro, naciye mpeba wa mu-
gambi nari nafashe wo gukorora inda. Erega uwo mwana nashaka kuzimanganiriza ubuzima akiri mu mbanyi, ni
umwe muri abo basaserdoti batiwe uyu musi! “ Mwigeme canke mupfasoni wibungenze ariko ukumva udasha-
ka uwo mwana kubera imvo zitandukanye, ishire mu minwe y’Imana hanyuma ureke uwo mwana yibereho,
ureke ishaka ry’Imana riranguke muri we“.
Usabire bagenzawe bitiranwa n’abo beranda
Umusi Aberanda dusaba Injili y’uno musi
Kuw’Imana,31/10 Alfonso Lk. 19, 1-10 Zake ,ururuka ningoga kuko uyu munsi ndamutse ndara iwawe
Ku wa 1, 1/11 Aberanda bose Mt. 5, 1-12a Ikija mu kanwa si co gihumanya umuntu
Ku wa 2, 2/11 Abapfuye bose Mk.15,33-39;16,1-6 Mana yanje, Mana yanje, wampebeshejwe n’iki?
Ku wa 3, 3/11 Martino, Huberto Lk. 14, 25-33 Uwo adashobora guheba ivyo atunze, ntashobora kumbera umugendanyi
Ku wa 4, 4/11 Karoli Borome Lk. 15, 1-10 Ni muze tunezerwe, natoye rya faranga nari nataye
Ku wa 5, 5/11 Zakariya,Elizabeti Lk. 16, 1-8 Nyereka rero ingene wandinganirije ibintu
Ku wa 6, 6/11 Leonardo Lk. 16, 9-15 Uzigama ibanga mu bitagoye, azorizigama no mubigoye
Beranda mwese muvyagiye mw’ijuru, ni mudusabire
Nkuko vyama bigenda kw’igenekerezo rya mbere Munyonyo, ejo tuzohi-
mbaza umusi mukuru w’aberanda bose. Ekleziya idutumirira kwibukana
icubahiro abo bose yamaze gutangaza icese ko ibashize mu mugwi w’abe-
randa, kubera ubutwari n’urukundo vyaranze ubuzima bwabo ku buryo
budasanzwe, bakarangwa kandi n’ikigongwe cinshi hamwe no kwuguru-
kira inema y’Imana mu buzima bwabo, ivyo bikibonekeza mu buryo bu-
rengeye na kure ugutegera kw’ubwenge bwacu. Erega hariho n’abandi ba-
ranzwe n’ubutwari n’ubweranda ariko batazwi canke bataremezwa icese.
Nabo nyene turabahimbaza uyu musi. Imana yo nyene izi aho bagejeje mu
butwari bwabo, irabaha ikibabereye mu buryo bw’umwuzurira. Na kare
ijambo rya nyuma niyo irifise. Abo beranda rero, mu Mana turanywanye nabo. Baratahura amagume y’urugendo
tukirimwo ngaha kw’isi, kuko nabo nyene babanje guca mu bikomeye imbere yo kwambikwa urugori rw’aberanda.
Turashobora kubambaza, tugacisha kuribo ibisabisho dutura Imana. Twese turahamagariwe gukurikira inzira y’u-
bweranda, tukisunga akarorero aberanda baduhaye, cane cane ubutwari n’ubudahemuka bwabo. Mu beranda, twi-
toreremwo abagenzi baduherekeza cane cane aberanda twitiranwa. Ku musi ku musi, twisunge kandi twambaze
umweranda Ekleziya ihimbaza. Bikira Mariya mawe, wewe ugaba inteko z’abamalayika n’aberanda bose,
dusabire natwe ngo urugendo turimwo ngaha kw’isi ruzodushikane mu buninahazwa bw’ubuzima
budahera. Beranda mwese muvyagiye mw’ijuru, ni mudusabire

Chiara Luce Badano ni nde? Chiara Luce Badano n’umwigeme yavutse mu mwaka
w’1971 mu Butaliyano. Yavukiye mu muryango usanzwe. Yavutse haheze imyaka cumi
n’umwe se na nyina bubakanye. Chiara Luce Badano yamenye umuhari wa ba Focolare afise
imyaka icenda, aca ashikira mu murwi w’urwaruka bita aba Gen ba kane. Yari umunyeshu-le.
CHiara Luce Badano yari umwana akunda gufashanya, yarakunda kubwira abandi bana ko
boshira hamwe udufaranga kugira ngo bazodufashishe abandi bana bakenye. Bari bageze ku
ntambwe y’ukuja gufasha abana bo muri Afrika kuko bari bazi ko aribo bakenye. Chiara Luce
Badano yarakunda umuziki, yarakunda kwinonora imitsi, yarakunda urukino rwa Tenisi n’ibi-
ndi. Yari afise abagenzi benshi bakunda kuganira ivy’ubuzima. Ntibigera babura umwanya
w’ugukomeza ubumwe hagati yabo bongera basabikanya ivyiza baronse mw’ijambo ry’Imana
ku ma telefone, mu nyandiko, mu minsi mikuru canke mu minsi bamaze bari hamwe. Chiara
Luce Badano amaze imyaka 17 niho yamenya ko arwaye ingwara ya Kanseri yo mu magufa. Ariko muri ico gihe
ntiyacitse intege, yagumye abandanya akwirikira inama y’umuhari kumboneshakure mbere abana benshi basangiye
umuhari baraza mu bitaro aho yarari, baje kumuremesha. Baca baguma babandanya na wa mugambi wabo wogufa-
sha. Uwaba yamuzaniye amafranga y’ifanta, yaca ashira muri kagasandugu. Chiara Luce Badano ububabare bwiwe
yarabwihanganira, abantu bose baza yaguma abakirana akanyamuneza, aguma abatwengera. Iyo abaganga baje
kumuvura yaguma abatera inkuru kandi ahimbawe bakibaza bati: Mbega none ubwo uwo arababaye? Mu gisabi-
sho ciwe ca minsi yose yama avuga ati: “Ku bwawe Yezu, nimba ubishaka, naje ndabishaka”. Chiara Luce
Badano naho yarababaye cane, nyina wiwe ariko ararira yamubwiye ati: “ Niwizigire Imana, vyose irabikora”.
Chiara Luce Badano yitavye Imana igenekerezo rya 10/10/1990. Kuri uwo munsi mukuru w’ukumuherekeza, hari
abantu isinzi, abatunzi n’aboro, n’abihebey’Imana. Imisa yasomwe n’umwepiskopi wo muri ako karere. Uwo mwe-
piskopi kubera ko ubwo buzima bwa Chiara Luce Badano yari yabwumvise hanyuma akibonera n’abantu bari ba-
hari, yaciye atangura kwandika kubijanye n’ubuzima bwiwe arabirungika. Kugira ngo banyarutse kumushira mu
murwi w’abahirwe, hariho umwana w’umuhungu wo mu Butaliyano bw’epfo yararwawe ingwara ya mugiga,
kubera ko abakristu bo muri ako karere bari bamaze kwizigira ko Chiara Luce Badano ari umweranda, baramusa-
vye ngo abasabire kugira ngo uwo mwana wabo ashobore kwakira ububabare bwiwe binashobotse akire. Haheze
imisi, abaganga basubiyemwo ibipimo, baciye basanga uwo musore yakize. Ico kiri muvyatumye Papa Benedigito
wa 16 aca amushira muri uyo murwi w’abahirwe mu kwezi kwa 12 mu 2009. Baca bashinga italiki y’ukumushira
muri uyo murwi w’abahirwe igenekerezo rya 25/9/2010. Chiara Luce Badano dusabire umutima w’urukundo,
tubere akarorero. Sabira urwaruka, rubone ko narwo rushobora kuba rweranda.

Вам также может понравиться