Академический Документы
Профессиональный Документы
Культура Документы
ry’Ubuzima
mu muryango w’abakristu
Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 455 057
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr
Site: www.isokoryubuzima.es.tl
"N’ukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21) Igiciro 40 fr
Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ry’Imana mu misa no mu buzima
31/10/2010 Idominika ya mirongo itatu na rimwe - umwaka- C - N°44/2010
Akaranga k’aberanda n’ukwizera Imana…
Ejo ku munsi wa mbere, n‘umunsi mukuru w’aberanda bose. Egome aberanda bari mw’ijuru… no kw’isi. Ariko
abo tuzoshemeza n’abamaze urugendo rwo kw’isi bakaba bari mw’ijuru. Turashobora kwibaza tuti: None babaye
beranda bate? Hari abagira ngo ubweranda buva kuri kamere barazwe n’umuryango baturukamwo. Hari n’abandi
bavuga ngo aberanda n‘abasenga cane kuruta abandi. Abandi nabo bakagira bati aberanda n‘abitanga cane ngo ba-
fashe abagowe. Ariko mur‘izo nyishu zose hari ikibuze. Kahini na Abeli bar‘abavukana basangiye umuryango ari-
ko umwe yarishe uwundi. Hariho n’abasenga cane nk’abapfarizayo: igisabisho cabo nti cama ivyamwa. Hakaba
n’abitanga ngo bafashe abagowe kugirango baronke akazina, nka kurya abapfarizayo bakora vyose ngo bishire aha-
bona, ngo bavugwe neza. Ndavye aberanda nka Fransisko wa Azisi, canke Tereza wa Avila, cabure abamartiri b’i
Buganda, Anwarita, Izidori Bakanja n’abandi, nsanga akaranga bahurirako bose ari ukwizera Imana kuruta vyose.
Muri bo nta n’umwe yirata ngo ni mweranda kubera ukwitanga kwiwe. Nka Bikira Mariya, bose barashobora ku-
ririmba bati: Yibutse umuntu wiwe muto muto, kuv’ubu abantu bose banyita muhi-
rwe… Rugira vyose yangiriye ibitangaza. Ndetse Bikira Mariya, nta muntu ari mwe-
randa hano kw’isi. Ubweranda bwacu buranigwa n’ibicumuro vyacu. Ariko Imana ni
nyen’imbabazi, irashobora kudukiza ibicumuro vyacu mw’isakramentu ry’ikigongwe.
Abirata ngo nta kigongwe c’Imana bakeneye ngo babe beranda, bifata uko batari.
Ubwishime burababuza kubona ko ata bweranda bushoboka ku muntu yikuye ku Mana.
Kira noneho Imana yaje gukiza abarwaye ku mutima. Nk’akarorero: Visenti wa Paolo
Mweranda yaritanze ngo afashe ba ntahonikora n’umutima wiwe wose. Igihe kimwe,
abavyeyi biwe babanje gushora inka zibiri kugirango bashobore kumurihira amashule
makuru. Visenti akiri umusore, yarigeze kugira inyifato itabereye imbere ya se wiwe;
mu nyuma vyaramuteye isoni. Umunsi umwe se wa Visenti yagiye kumuraba aho yiga.
Visenti yitegereje impuzu se wiwe yari yambaye (impuzu z’abantu babayabaye), aca
aragira isoni zo kuja kumuramutsa, aca arahindukira amuha umugongo ahunga ko bavugana ngo bagenziwe ntiba-
menye ko se wiwe ari umukene (raba igicapo). Mu nyuma, yaramaramazwa n’iyo nyifato yagize; vyaramubabaje
cane bimubera icigwa. Yaciye afata ingingo yo kudafatanya agaciro k’umuntu n‘impuzu yambaye. Ubwishime yari
afise akiri umusore yabukijijwe n‘inema y’Imana, hamwe n’ukwihweza ingene Yezu yifata ruto.
Chiara Luce Badano ni nde? Chiara Luce Badano n’umwigeme yavutse mu mwaka
w’1971 mu Butaliyano. Yavukiye mu muryango usanzwe. Yavutse haheze imyaka cumi
n’umwe se na nyina bubakanye. Chiara Luce Badano yamenye umuhari wa ba Focolare afise
imyaka icenda, aca ashikira mu murwi w’urwaruka bita aba Gen ba kane. Yari umunyeshu-le.
CHiara Luce Badano yari umwana akunda gufashanya, yarakunda kubwira abandi bana ko
boshira hamwe udufaranga kugira ngo bazodufashishe abandi bana bakenye. Bari bageze ku
ntambwe y’ukuja gufasha abana bo muri Afrika kuko bari bazi ko aribo bakenye. Chiara Luce
Badano yarakunda umuziki, yarakunda kwinonora imitsi, yarakunda urukino rwa Tenisi n’ibi-
ndi. Yari afise abagenzi benshi bakunda kuganira ivy’ubuzima. Ntibigera babura umwanya
w’ugukomeza ubumwe hagati yabo bongera basabikanya ivyiza baronse mw’ijambo ry’Imana
ku ma telefone, mu nyandiko, mu minsi mikuru canke mu minsi bamaze bari hamwe. Chiara
Luce Badano amaze imyaka 17 niho yamenya ko arwaye ingwara ya Kanseri yo mu magufa. Ariko muri ico gihe
ntiyacitse intege, yagumye abandanya akwirikira inama y’umuhari kumboneshakure mbere abana benshi basangiye
umuhari baraza mu bitaro aho yarari, baje kumuremesha. Baca baguma babandanya na wa mugambi wabo wogufa-
sha. Uwaba yamuzaniye amafranga y’ifanta, yaca ashira muri kagasandugu. Chiara Luce Badano ububabare bwiwe
yarabwihanganira, abantu bose baza yaguma abakirana akanyamuneza, aguma abatwengera. Iyo abaganga baje
kumuvura yaguma abatera inkuru kandi ahimbawe bakibaza bati: Mbega none ubwo uwo arababaye? Mu gisabi-
sho ciwe ca minsi yose yama avuga ati: “Ku bwawe Yezu, nimba ubishaka, naje ndabishaka”. Chiara Luce
Badano naho yarababaye cane, nyina wiwe ariko ararira yamubwiye ati: “ Niwizigire Imana, vyose irabikora”.
Chiara Luce Badano yitavye Imana igenekerezo rya 10/10/1990. Kuri uwo munsi mukuru w’ukumuherekeza, hari
abantu isinzi, abatunzi n’aboro, n’abihebey’Imana. Imisa yasomwe n’umwepiskopi wo muri ako karere. Uwo mwe-
piskopi kubera ko ubwo buzima bwa Chiara Luce Badano yari yabwumvise hanyuma akibonera n’abantu bari ba-
hari, yaciye atangura kwandika kubijanye n’ubuzima bwiwe arabirungika. Kugira ngo banyarutse kumushira mu
murwi w’abahirwe, hariho umwana w’umuhungu wo mu Butaliyano bw’epfo yararwawe ingwara ya mugiga,
kubera ko abakristu bo muri ako karere bari bamaze kwizigira ko Chiara Luce Badano ari umweranda, baramusa-
vye ngo abasabire kugira ngo uwo mwana wabo ashobore kwakira ububabare bwiwe binashobotse akire. Haheze
imisi, abaganga basubiyemwo ibipimo, baciye basanga uwo musore yakize. Ico kiri muvyatumye Papa Benedigito
wa 16 aca amushira muri uyo murwi w’abahirwe mu kwezi kwa 12 mu 2009. Baca bashinga italiki y’ukumushira
muri uyo murwi w’abahirwe igenekerezo rya 25/9/2010. Chiara Luce Badano dusabire umutima w’urukundo,
tubere akarorero. Sabira urwaruka, rubone ko narwo rushobora kuba rweranda.